People / Relationships

“Nkumbuye”

270 Views

“Nkumbuye …”

Can I talk to my people?

Muribuka igiti c’umwembe co kuba voisins? Amapera y’abo? Ukuntu mwaja kwurira ibiti kugira murye umwembe/amapera? Jewe nikuyemwo sinashobora kwurira ibiti 😂
Baranyamurira bagaca bampa. Uko niko vyari bimeze, haba hari imigwi 2 y’abantu:

  • 1/Abaduga kwamura bagaca baterera urya murwi wa
  • 2/ uri hasi urindiriye abaduze kwamura.

Umaze kuronka ico camwa, hari abaca bawuhekenya uko nyene batabanje no kuwoza kandi igitanganje n’uko batagwara; ugaca uwurya, ugahako mugenzi wawe, utiyumviriye ico mufana; mukisesako amazi (jus) y’icamwa, finalement mukaja kwihanagura kumunwa (aho ni kuri bamwe batakoresha intoke nazo nyene zicapfuye)😂

Mbega inkumbu, mbega Innocence. Mbega gukumbura ivyo bihe? Mbega ubusabane?urukundo rutaravye intara? Mbega umunezero wuzuye utitayeho nivyariko biraba iruhande?

Ivyo biheze, hari abaca biruka gukora  ama D.A.D (Devoirs  à domicile, murazibuka?) aho rero maman na papa baba bibaza ngo nivyo warusanzwe uriko urakora; urayarembeje 😆

18h yapfa kugera aho mwaba mugeze hose niho mwicara kugira mwese murabe dessin animé (Simba le Roi Lion, Sophie et Virginie canke iyindi; naho zose twaba tumaze kuzibona; twapfa kuzisubiramwo). Umuvyeyi yapfa kwinjira, abana twese tukiruka kumugumbira; Nawe akatwakira twese kimwe! Ico umuvyeyi yazana nico mwasangira cose.
Yagaburira abana biwe n’abana b’ababanyi, b’incuti, abo yarazi, nabo ataba aramenya.

Wamugani uvuga ngo Umwana si uwumwe koko vyari Ukuri. Umwana Yari gwawe, Yari uw’ababanyi, uw’ abigisha, uw’ igihugu.
Uwukubonye mw’ikosa ntiyareka kugukebura m’ Urukundo. Nawe nk’umwana izo mpanura warazubaha kuko zaba zivuye k’ “umuvyeyi”. Mbega ukuntu “umuvyeyi” yarafise ijambo; mbega ukuntu “umuvyeyi” yaba yubashwe; mbega ukuntu “umuvyeyi” Yari “umuvyeyi” wa benshi.

Numva mfise Inkumbu! Inkumbu zo kwongera kubona “abavyeyi” benshi nkabo narinzi kera; nkumbuye kubona incuti nyinshi zisangira ivyo zifise. Nkumbuye kubona abana biruka bagakinana batanazinanye; bagasangira umwembe, ipera, bagahanahana bataravye aho bavuye.
Nkumbuye kubona iyo migoroba yadusanga kubavyeyi baba buzuye “Ubuntu” n’ “Urukundo”.

“Umwana si uwumwe

Umuvyeyi si uwumwe”

Ritsa M.

ritsamwiza

Driven by Passion.
Born to impact and leave a legacy!
Made to worship and please my God.

You may also like...

21 Comments

  1. Twebwe twaraba L’école des champions..haha

    1. Haha iyo nari nayibagiye; mwaca muja kumwigana Benjamin kandi mutabishobora haha

  2. Nicole says:

    Uranyishe Ritsa … nciye nibuka ingene uwegereye iwabo yaca aja kuzana umunyu … 😂😂😂 umukozi wacu yarafise ahatunyegeza umunyu kuko yasanga twirukanye umunyu akawubura 😂😂 I miss that life too … twarakundana gushika naho … amahanga ni mabi 😰 Thx for sharing Mwizawanje ..

    1. Hahaha we rro uranyibukuj n ivy umunyu haha; naho ntari umu fan gos 🙈 hari abatawurya atamunyu wamugani waw 🙂

  3. Nkumbuye kuririmba na batoyi banje twafashe ama telecomandes yose tukayahindura ama 🎤 micro..

    1. Hahahah abakobwa bagaca bambara imipira mumutwe ngo imishatsi ibe miremire haha

  4. Hahah.. Ndabona ubuzima bw’abana arikimwe tutitaye aho tuba twarakuriye.:) 20hrs ibitotsi byazaga byiruka.. Utarōga kabaga kakubayeho lol!
    #reminisces #nostalgia

    1. Hahaha rka kuntwenza
      Can gos; surtout abo muri Africa 🙂

  5. hahaah hari n’abitwaza umunyu mu gapapuro mu gihe iwabo ari kure hahah …Ritsa urampimbaye cane…nanje ndakumbuye gose ivyo bihe!!

    1. Hahah urakoz can

  6. Ritsa, ndarize tout simplement!! urankumbuje ibintu biteye ubwoba!! Uribuka gukina ama billes na ”Je déclare la guerre”?
    On a vraiment eu une enfance heureuse.

    1. Hahah Lo rka kuntwenza
      Innocence Yari nyinshi vrt

  7. Nkumbuye kuja kwicarana n’umuzamu kwi barabara,ndindiriye ko abavyeyi bataha.

    Kararyoshe gusoma aka ka article!

    1. Hahah merci sha

  8. Twebwe turabo kwa tortue ninja

  9. Liana says:

    Ah hahaha Ritsa tkx kutwibutsa ivyo bihe uwabiciyemwo arabikumbura hhhh ham jew personaly igiti c’umwembe nagihungirako kugira ntibankubite abavyeyi mu nyuma baragica

    1. Yooo Mana
      Liana pol nukuri haha
      W ndumva wari warabangutse kucurira haha
      Ndakwemey

  10. blizvan says:

    ahahhaahh Ritsa mbona inkumbuzikubanye nyinshi… nanj ndabikumbuy trop mais twebwe nuko twaba tubifis murugo puis tukunva amabuye gusa aducako ahaha kugire bamure imyembe namapera ahahaa. Muga n’oublie ko twagwara inzoka zomunda lool

    1. Hahahhaha rka kunyica ndasavy; Inzoka😂 ni grav; Vermox yaba iri hafi Hahahaha

  11. Urakoze cane! nostalgie

    1. Hahaha Ibaz

Leave a Reply