Mwana wanje,
Ehe ugeze mu bigero,
Ubu wabaye umusore/umupfasoni,
Mwana wanje nkundira ndakuganirire gato
Igihe twakibaruka
Ntitwari mu gihugu cacu
Wavukiye mumahanga
Kubera imvo nyinshi zitandukanye
(Mboneyeho n’akaryo ko kugusaba imbabazi
Kuba ntaragutembereza murico gihugu c’amavuko c’abavyeyi bawe)
Waravutse muriyi si yuzuye ubumenyi
Umaze gutangura kwavura,
Tuba tukujanye muma shure yambere
Utangura kwiga indome
Wiga kuririmba uturirimbo,
Gusoma A, B; mbere no kwandika 1, 2
Uko wagenda urakura
Hageze kukwiza imyaka 5,
Umaze kwakira ubumenyi butari buke
Koko wakuze mw’ isi iguha ubumenyi
Ubumenyi bukwiye ngo ushobore gutera imbere
Warize amashure meza,
Warize uburengazira bwose ufise:
Kuvuga ico ushaka,
Gutora ico wifuza,
Guhitamwo bivanye n’ico wifuza.
Warize kuvuga ego na oya;
Kuyibwira abakuruta n’abusumba
Bivanye n’ubushake bwawe
Hari ivyiza bitari bike aya mahanga yagutoje
Ariko Mwana wanje, wibuke!
Indero yose twagutoje
Ubwitonzi bwose twaguhaye
Ubutwari bwose twakuraze
Vyose vyavuye muri ca gihugu cacu c’amavuko
Twaguhaye ivyo twahawe n’abakurambere bacu
Twaguhaye uburere igihugu cacu Burundi caturaze
Mwana wanje, uzokwame wibuka aho wavuye
Ntuzokwirengagize ca kirimi cacu twakwigisha
Nivyashika ukamenya ivyongereza, ibifaransa,
Ibi espagnol, ibi suédois, eka n’izindi ndimi nyinshi
Uze wame wibuka ko twakwigishije n’Ikirundi cacu
Uze wibuke kucandika muzindi ndimi nyinshi uzi
Mwana wanje, ntuze ugire isoni ryo kuvuga iyo wavuye
Niwatwibuka nk’abavyeyi b’akarorero
Uze ushimire Uburundi
Kuko twaguhaye ico Uburundi bwacu bwaturaze
Mwana wanje, Imana ikugiriye neza Ukibaruka nawe
Uze wibuke gutahana uruvyaro rwawe
Nabo babone aho wavuye,
Aho abasogokuru babo baturutse
Mwana wanje, uze wame wibuka
Ko Burundi ari Uburundi Bwacu
Ritsa M.
Aw! this is beautiful!! u Burundi buzokwama ari u Burundi bwacu!