People / Relationships

Mwarakoze

359 Views

Twarakuranye; Bamwe muri bó batuzi tukivuka. Abandi, baratwambitse amaranje(Linges) canke pampers kubari bazifise, abandi batuzi turi imiyabaga nkumbure.

Dukunda kubítã Abakozi canke Abanyenzamu bivanye n’ico bajejwe. Uno musi nari nipfuza kuganira gato kuri abo bantu.

Nama ntangazwa no kubona ukuntu abo bantu bakora ijoro n’umurango…! Nimba ukora, ngira urazi “shift” irenga amasaha 8 ingene ihera wabaye? Ariko abo bantu, bõbó iyo turiko turabakoresha; tubitegako baturaririra, ivyo bakabikora barushe canke batarushe kubera “nakare nico bahembegwa”.

Tubasaba kurara inzamu, kandi bongere bazinduke badutange kuvyuka, kandi bongere baryame inyuma ya twese. Tukabasaba kuja gusuma, bashike bateka bongere bahishe kare kugira sàa sita ntizibatange kuko Mutama canke Mabuja baza gutaha basange bihiye! Eka bongere basange yahejeje nogukora isuku. Ivyo vyose muma sàha atarenga 5 yo mugatondo.

Uno munsi numva nipfuza kubibutsa ko abo bantu baruha nkatwe. Ni vyashika ukamwishura nabi (reka simvuge kumutuka) uzohore wibuka ko nawe ari Serugo murugo gwiwe, wibuke ko ari Umuvyeyi (papa) w’abana nkawe, wibuke kandi ko afise Umugore. “Uko utoshima ko bagusuzugura nawe ntuzobimukorere”.

Uno munsi ndakeza abo bakozi aho bari hose. Mwarakoze kutwihanganira. Mwarakoze kudufata neza. Mwarakoze kuturaririra. Nimba hari uwo wibuka yagufashe neza, kuko sina bose babikoze uko; wibuke umushimire kandi umutere iteka.

Sinzopfa nibagiye Potiano, reka ndamubabwireko gato nk’akarorero. Potiano mwumva, yabanje gukorera umuvyeyi wacu (Papa) nimbere ko yubaka ugwiwe. Maze twese uko twagiye dukurikirana mukuvuka yaratugaburiye, yaratwambitse amaranje, yaraturaririye. Ndibuka umusi higeze kuza umuhungu kundamutsa muhira, ntiyabanje ku mwinjiza. Ico yakoze yamubajije nimba aje kuraba umwe mubahungu tuvukana, nawe yishura oyaha aba aramusubije inyuma 😀. Uko niko yarameze, yarãfise umutima kivyeyi akaturinda ico atokwipfurije abana biwe.

Intego yanje niyo ku kwibutsa kwubaha no gushimira abo bose washoboye kwibuka muraya majambo make. Ni mwahura umushimire, umusororere, umuhezagire, umutez’imbere, umubaze amazina y’umuryango wiwe, umusabe n’ikigongwe nimba wigeze kumufata nabi, kuko baratwitangira muri vyinshi, bagashimigwa gake.

Ritsa M.

ritsamwiza

Driven by Passion.
Born to impact and leave a legacy!
Made to worship and please my God.

You may also like...

8 Comments

  1. Yego sha mwiza wanje

    1. 😊 Thanks

  2. Nadine says:

    Bakwiye respect itagira uko ingana! Kandi abantu bose babanoresha bari bakwiye kubaha un salaire qui en vaille la peine kuko mumajambo make nibo batuma ba shebuja bashobora guca amahera en toute tranquillité d’esprit!! Ubwanje, ndabasonera cane kuko ndazi valeur yabo!

    1. T as vrt raison
      Merci pour ça

  3. umuntu ataza gukunda kano ka article sinzi uko yabaye nukuri kuko ndi sure nta murundi numwe ataza kwibonamwo muri ivyo wanditse! wakoze kubitwibutsa wewe ahubwo Ritsa!

    1. Merci bcp nukuri 🙂

  4. blizvan says:

    j’avoue ko ivyo ubibona ugeze mumahanga vrt kuko abakiri bja nsinibazako bobitahura et c vrt triste. de mon côté narabitahuy ngenze ino puis igihe naja muri vacance bja narashoboye kugira chance yokubona umukozi wacu wakeraaa ndamushimira na gift nari nayizanye lol mais juste vous dire que kan j étais à la maison naragez kubagabanya ibikorwa nkabafasha lol. Abotuvukana bari mukunyica ngo ndeke kwigira uwahatari ngo ivyo nivyababoyi mais Ritsa merci encore une fois ku bi souligna dukwiy twes kubitahura e surtout abasigayeyo bja bo barikumwe. Much love cuz..

    1. Wow!!! Thank you so much Couz
      Comment yaw iri très édifiant; w hoho waramuguriy na cado vrt; amazing!

Leave a Reply